DARMOWA WYSYŁKA od 149 zł do Żabki i wielu innych punktów DPD Pickup!
Darmowa dostawa od 149,00 zł
AFRIKA YISUBIZE AGATEKA - Jean-Marie Sindayigaya
Super cena

AFRIKA YISUBIZE AGATEKA - Jean-Marie Sindayigaya

  • Bakuraba cane bakagutera kwambara
116,83 zł
/ szt.
Najniższa cena z 30 dni przed obniżką: 116,83 zł / szt.0%
Cena regularna: 117,14 zł / szt.-0%
z
Możesz kupić także poprzez:
Produkt dostępny
Produkt dostępny
14 dni na łatwy zwrot
Bezpieczne zakupy
Iki gitabo natanguye kugishora mu rurimi rw'Igifaransa mu kwezi kwa Kigarama umwaka wa 2023. Uwo munsi nyene nagishikirije mu rurimi rw'Icongereza. Nongera ndagishikiriza mu rurimi rw'Igiswahili, ururimi rwa mbere rw'Abanyafrika, ruvuka muri Afrika. Nari maze amezi ane gusa ndarwiyigisha. Nashatse kwereka abakiri bato ko bokwijukira kwiga urwo rurimi rw'akazoza ka Afrika, mu karere n'ahandi, kuko rugenda rwiyagurira icicaro. Kandi, niba narashoboye kurwiyigisha mu mezi ane gusa, ubu nkaba ntahura amakuru yose ashikirijwe muri urwo rurimi, nkanashobora kurwandikamwo, naho amakosa y'indongoramvugo aguma ari menshi, bisigura ko urwaruka rwoshobora kusigatura neza urwo rurimi inyuma y'imyaka ibiri gusa, bakababa n'abahinga benerwo. Ubwira imico y'Ubuafrika Abanyafrika bose, ushira mu ndimi uzi bazoshobora kwumva, kuko iyo biba vyashoboka woshira mu ndimi zose za Afrika. Ugeze naho kuganira iyo Mico Myiza n'abo muhira aho uvuka, aha Abarundi n'abo mu micungararo bavuga indimi zivukana n'Ikirundi vya hafi, Imico uca uyambika impuzu z'Ikirundi.. Mbe none Imico y'Ubuafrika-Ubuntu ni iki ? Niyo yatumye Abanyafrika, n'abandi bashwiragiye kw'isi bamuka muri Afrika, baguma basangiye umutima. Niyo yatumye ivyiyumviro bisangigwa n'Intwari zifise imizi muri Afrika, zo kw'isi yose. Uhereye kuri Marcus Garvey muri Amerika, Kwame Nkrumah, Sékou Touré na Modibo Keita bo muri Afrika y'Uburengero, gushika kuri Julius Nyerere, Kenneth Kaunda na Pixley Ka Isaka Seme, bo muri Afrika y'Ubuseruko no mu Bumanuko. Tutibagiye abaje munyuma harimwo Thomas Sankara. Umuco wa mbere waranze izo Ntwari ni ukwiyibagira, bakigura ineza rusangi n'ubuzima bakemera kubuhasiga. Muri bo nta n'umwe yavuye ku butegetsi yegeranije itunga na ritoyi kandi hari abamaze imyaka irenga mirongo ibiri n'itanu ku butegetsi. UBUNTU rero, uwubufise muri we, abona ikiremwa muntu cose aho akibonye hose ko ari kimwe, ko ingorane z'uwundi nawe ari gwiwe, ko inzara y'uwundi nayo ari gwiwe. Kurya bavuga mu Kirundi bati umuntu nk'uwundi. Iyo Mico y'Ubuafrika-Ubuntu ubukoloni bwayisubirije ukwigendako no kwemera Umuzungu nk'uko yoba ari intumwa y'Umuremyi. Ubukoloni bwatugize ibirohori ataco bicisunga kibiranga. Ivyo tugendera ni ivyo twatamitswe canke dutira: amadini matirano, ukwiyumvira gutirano, imigenzo mitirano, inyambaro ntirano, ubwiza butirano, ubutunzi butirano... None Kazoza ka Afrika kazova hehe? Mu gucurura ivyo vyose vyacuritswe.

EAN: 9781326813390
Producent
Kod produktu
154GZH03527KS
Rok wydania
2024
Strony
214
Oprawa
Miekka
Format
15.2x22.9cm
Autorzy
Jean-Marie Sindayigaya
Potrzebujesz pomocy? Masz pytania?Zadaj pytanie a my odpowiemy niezwłocznie, najciekawsze pytania i odpowiedzi publikując dla innych.
Zapytaj o produkt
Jeżeli powyższy opis jest dla Ciebie niewystarczający, prześlij nam swoje pytanie odnośnie tego produktu. Postaramy się odpowiedzieć tak szybko jak tylko będzie to możliwe. Dane są przetwarzane zgodnie z polityką prywatności. Przesyłając je, akceptujesz jej postanowienia.
Napisz swoją opinię
Twoja ocena:
5/5
Dodaj własne zdjęcie produktu:
Zaufane Opinie IdoSell
4.82 / 5.00 12084 opinii
Zaufane Opinie IdoSell
2025-03-04
spoko
2025-02-28
Bardzo szybka wysyłka I komunikacja dotyczącą zamówienia. Polecam!
pixel